Nairobi hakomeretse abatari bake

narobi blast Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Impuzu n'ibiyo vyagurutse gushika mw'i barabara

Haturitse ikintu mu nyubakwa irimwo ama mangazini . Amasanamu ya television yerekanye umuriro uriko uraka mu nyubakwa yari yamaze kwononekara cane.

Umunyamakuru wa BBC yavuze ko hari abantu bajanywe mu bitaro nyuma yo gukomerekera muri iryop sanganya.

Abakozi b'umuryango utabara imbabare Croix Rouge bashitse aho vyabereye mu mangazini iri kw'ibarabara ryitwa Moi Avenue.

Commissaire w'igipolisi Mathew Iteere avuga ko bishobora kuba vyatewe n'ingorane z'umuyagankuba akaba yahakanye ko atari igitero c'intagodwa z'aba Somali.

Hamaze guturika ama grenades n'ama bombes akatari gake muri Kenya kuva ico gihugu kirungitse ingabo muri Somalia mu mwaka uheze kugira zije kurwanya umuhari al Shabab.

Uwo muhari umaze kuvuga kenshi ko uzokora ibitero vyo kwihora.

Umunyamakuru wa BBC Kevin Mwachiro avuga ko ibiyo n'impuzu vyo mu mas butike matomato ari muri iyo nyubakwa vyari vyuzuye mu mabarabara.

Amasanamu ya television yerekenye abanttu buzuye amabarabara bava mu nyubakwa zihegereye kugira bigigwe kuri y'aho uwo muriro wariko uraka.

Moi Avenue ni ibarabara rinini rishobora kuba ryariko abantu benshi muri ayo masaha y'umurango.