al-Shabab itakaje Afmadow

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagwanyi ba al-Shabab

Ingabo za Kenya zishigikiye izagiye gufasha leta ya Somalia zigaruriye igisagara gihambaye ca Afmadow cahora mu minwe ya al-Shabab.

Uwo muhari uvuga ko wakuyeyo abagwanyi bawo ata ntambara ibaye.

Ministre wa mbere wa Somalia Abdiweli Mohamed Ali yabwiye BBC ko ugufata Afmadow bizofasha ingabi ziwe kwerekeza ku kivuko ca Kismayo kugira kije mu minwe ya leta.

Ukugenzura Kismayo cari ikintu gikomeye kuri al-Shabab wakoresha ico kivuko mu kwinjiza ibigwanisho bivuye hanze n'ukuronka amafaranga mu gutoza ikori abadandaza bo muri ico gisagara.

Kibaye igisagara ca kabiri kivuye mu minwe ya al-Shabab kuva ku ndwi iheze aho hafatwa Afgoy. hagati aho hari inama iriko irabera muri Turkia yo kuraba ingene Somalia yosubira kuba igihugu gitekanye inyuma y'imyaka 20 iheze kiri inzego zitunganya ivy'igihugu.

Muri iyo nama, umukuru w' Uburundi Pierre Nkurunziza ari mu bayitavye yamenyesheje ko agiye kwongereza ingabo ziri muri Somalia zishike ku 6500.

Uburundi na Uganda nivyo bihugu bibiri vya mbere vyatanguye kurungika ingabo gufasha leta ya Somalia haraheze imyaka irenga itatu.