Imyaka 60 y'ingoma ya Elizabeth II.

the queen Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwamikazi Elizabeth II

Mu guhimbaza imyaka 60 y'ubutegetsi bw'Umwamikazi Elizabeth II ku ngoma y'Ubwongereza, uno munsi ibirori hano Londres bibera ku ngoro ya Buckingham.

Mu masaha yo ku mugoro hateguwe igiteramo kidasanzwe, kirimwo abaririnvyi rurangiranwa barimwo Elton John, paul McCartney na Stevie Wonder.

Inyuma y'ico giteramo umwamikazi Elizabeth II araza kwatsa urumuri rwa nyuma mu 4000 yacanywe hirya no hino kw'isi.

Aya matara adomekwa mu bihugu vyatwawe n'Ubwongereza biri mu muryango Commonwealth, irya mbere ryadomekewe Tonga mu bumanuko bwa Pacific.