HRW iremeza ko Urwanda rufasha abarwanyi ba M23

Ntaganda
Image caption General Bosco Ntaganda

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu HRW rivuga ko abahora ari abarwanyi basobanuye uburyo Urwanda rwatanze abarwanyi bari hagati ya 200 na 300, bamwe bakiri abana.

Ryemeza kandi ko Urwanda rwatanze n'ibirwanisho.

Mu cegeranyo cayo HRW iremeza ko Urwanda ruha indaro umukuru w'abarwanya leta ya Congo, general Bosco Ntaganda, asanzwe aronderwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Urwanda rwarahakanye rwivuye inyuma ko ata ruhara na rumwe rufise mu gufasha abarwanya leta ya Congo.

Ico cegeranyo kije mu gihe hari abanyanyi b'umugambwe CNDP bamaze kumenyesha ko bikuye kuri leta ya president Kabila , ubu bakaba bashigikiye umuhari M23.