Igisasu catwaye 12 Quetta muri Pakistan

Quetta blast Balushistan
Image caption Quetta, Balushistan

Igipolisi ca Pakistan kivuga ko ico gisasu catezwe hanze y'iseminari y'aba islam aho bariko bahimbaza umunsi mukuru wo guhabwa impapuro z'umutsindo.

Iyo seminari ya Jamia Islamia Maftah-Ul-uloom, n'imwe mu runani rw'amashure yigisha idini atwarwa n'umwigisha w'idini ashigikiye aba Taliban yahoze mu nama nkenguzamateka, Maulana Sami-Ul-Haq.

Quetta n'umurwa mukuru w'intara ya Balushistan ikekwa ko yinyegejemwo abategetsi b'aba taliban bo muri Afghanistan.