Rwanda:Mugesera yasavye dosiye yo muri Canada

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Leon Mugesera

Mu ntahe y'icese y'uno munsi Leon Mugesera yavuze ko icemezo ca sentare co kumuburanisha ku bijanye n'ikibazo co gupfungurwa vy'agateganyo canke kuburana apfunze kibangamiye uburenganzira bwiwe.

Yemeza kandiko iyo ngingo idahuye n'amasezerano Urwanda rwagiranye na Canada imbere y'uko Leon Mugesera atahukanwa mu rwanda.

Leon Mugesera yabwiye umukuru w'intahe, umucamanza Eugene Ngagijimana, ko afatwa ku buryo buringaniye n'uruhande rw'ubushikirizamanza mu mategeko, gutyo agasaba kubona dosiye yiwe yaburanishirijweko muri Canada.

Asaba kandi guhabwa amezi atatu n'iminsi 24 yo kuyiga, umwanya ungana n'uwo ubushikirizamanza bwamaze mu kuyitunganya, iyi minsi ngo igatangura guharurwa yamaze kuyihabwa.

Ikindi Mugesera yabwiye sentare n'ihindagurika ry'ibirego akurikiranwa ko, aho yemeza ko dosiye yo muri Canada yarimwo ibirego bitatu, ubu akaba ngo aregwa bitanu kandi vyahinduwe inyito.

Ubushikirizamanza bwasavye sentare kutakira ibirego Mugesera yatuye iyi sentare isubiramwo, n'ubwo we n'umwunganira mushasha maitre Felix Rudakemwa bayisavye gusesa ingingo ya sentare nkuru ya Nyarugenge yategetse ko aburana apfunze.

Umushikirizamanza Jean Bosco Mutangana avuga kw'icemezo ca sentare nkuru kitungururizwa, kiretse ikirego gitangiwe rimwe n'urubanza rusozera imburano mu mizi.

Avuga ko Mugesera yunguruje mu buryo budakurikije amategeko.

Sentare yitezwe gutanga inyishu ku munsi wa gatanu.