Ibisasu vyahitanye mirongo umunani i Baghdad

Ibitero vy'ibisasu i Baghdad Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibitero vy'ibisasu i Baghdad

Abajejwe intwaro muri Irake bavuga yuko abantu barenga mirongo umunani bishwe abandi barenga 200 barakomeraka bivuye ku rukurikirane rw'ibisasu.

Iyvo bisasu vyatumbereje ibice vy'umurwa mukuru Baghdad bituwe n'aba Islam benshi b'aba Shia, hamwe no mu bumanuko bw'igihugu.

Ibisasu vyaturikiye mu bice cumi mu muji wa Baghdad, aho aba Islam b'aba Shia bariko baregeranira ngo bahimbaze umunsi mukuru ukomeye w'idini ryabo.

Mu muji wa Hilla uri mu bumanuko, ibisasu bibiri vyaturikiye mu miduga yari hafi y'uburiro bugendwa cane n'abapolisi, bihitana abantu bashika cumi na batatu.

Ivyo bitero bibaye mu gihe hari hasanzwe hari uruhagarara rwa politike, abashingamateka batavuga rumwe na leta bakaba bariko baragerageza gukoresha amatora yo gukurako icizere umushikiranganji wa mbere w'umu Shia, Nouri al-Maliki.