Leta ya Syria irigina intsinzi ku rugamba

Imirwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwano muri Syria

Television ya leta ya Syria ivuga yuko abasirikare ba leta bigarurire umuji uri ku musozi bari bamaze indwi bagwanira n'abitwaje ibirwanisho.

Ayo makuru yamenyeshejwe nyuma y'amasaha makeyi abatavuga rumwe na leta bavuze ko abitwaje ibirwanisho bavuye mu muji wa al-Haffa mw'ijoro ryakeye.

Uwo muji waratewe ibisasu n'abasirikare ba leta, unaberamwo imirwano ikomeye mu minsi mikeyi iheze.

Impande zombi zigwana zagirizanije kuba zashaka gukora ubundi bwicanyi i al Haffa, busa nk'ubwakozwe i Houla n'i Qubair.