Mu Bwongereza bafashe abashurashuza abana

Abapolisi b'Abongereza Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abapolisi b'Abongereza

Abapolisi mu Bwongereza bafashe abantu bashika hafi ijana mu bikorwa vyabaye mu gihugu cose, barondera abakoresha internet mu gushurashuza abana.

Abana bashika ku mirongo umunani batabawe, benshi bakaba babasanze mu ngo abapolisi basatse.

Abajejwe intwaro bavuga yuko nyinshi mu mpapuro zo gufata zisunze amasanamu ateye isoni, gutunga no gukwirakwiza amasanamu ateje isoni yerekana abana.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze yuko amasanamu yakurwa kuri internet n'inkozi z'ikibi, yagenda arasumbana kwerekana ibibi kandi harimwo abana.