Hosni Mubarak akitswe n'amagara

Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak

Uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak, ari hagati y'urupfu n'ubuzima nyuma yaho amagara yiwe atitukiye aho yari mw'ibohero.

Abajejwe umutekano hamwe n'abakora ku bitaro aho arwariye bahakanye amakuru y'uko ashobora kuba yapfuye.

Ariko bavuga yuko yagize ibibazo mu bwonko, baca bamukura mw'ibohero bamutwara kwa muganga, ubu akaba abeshejweho n'imashini.

Abanye Misiri baracarindiye kumenya ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu.

Umugambwe Muslim Brotherhood uvuga ko uwawuserukiye muri ayo matora, Mohammed Mursi, ngo yayatsinze.

Uwo mugambwe uvuga yuko amakuru y'amagara ya bwana Mubarak ari ayo kuyovya abanye Misiri ngo ntibite ku co wise "gutembagaza ubutegetsi" vyagizwe n'umugwi w'igisirikare utwara igihugu.