Ubugiriki bwaronse leta nshasha

Antonio Samaras Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Antonio Samaras

Mu Bugiriki umushikiranganji wa mbere mushasha yarahiriye amabanga yo gutwara leta ihuriwemwo na bose.

Ni Antonio Samaras, umukuru w'umugambwe New Democracy, watsinze amatora yo kuwa Mungu uheze.

Leta yiwe irimwo imigambwe Greek Socialist, PASOK n'uwundi mugambwe muto wa Democratic Left.

Iyo leta nshasha vyitezwe ko igira ico ikora mu kugumiza Ubugiriki mu karere gakoresha ama euro.