Uburundi burahimbaza imyaka 50 bwikukiye

Ibendera ry'Uburundi
Image caption Ibendera ry'Uburundi ryaduze ubwa mbere itariki 1/7/1962

Ibirori bizomara iyi ndwi yose gushika ku wa mbere itariki 2/7 ahozobera ibirori nyamukuru vyo kwibuka 01/07 umunsi Uburundi bwaronka intahe yo kwikukira mu 1962.

Uburundi bwaronse niho bwava mu bokoloni bw'aba Biligi basubiriye Abadagi bari bashitse mu Burundi mun mpera z'ikinjana ca 19.

BBC yarungitse mu Burundi umugwi w'abamenyeshamakuru barenga cumi basanga abandi basanzwe bahakorera kugira babashikirize ibijanye n'ivyo birori na cane cane bamenyeshe Uburundi amakungu ibindi biranga Uburundi mu gihe akunze kwumva gusa inkuru zijanye n'indyane z'amoko hamwe n'ubukene.

Ku wa mbere abo banyamakuru bashikirije amakuru bari mu Kamenge, imwe mu makomine y'umurwa mukuru Bujumbura yasubiye kubamwo amoko yose mu gihe intambara yari yayatandukanije.

Abo banyamakuru ba BBC bavuye mu Burundi bazoca bajabuka mu Rwanda narwo nyene rwaronse ubwigenge kw'itariki imwe, ukwezi kumwe n'umwaka umwe nk'Uburundi, uzi ko narwo nyene rwari mu bukoroni bw'Ububiligi.