Umukuru mushasha wa Misiri agiye gushinga leta

Image caption Intsinzi ya Musri yakiriwe n'akanyamuneza kenshi

Umukuru mushasha wa Misiri Mohammed Musri yatanguye kurondera abaja muri leta yiwe ahereye kuwuzoba umushikiranganji wa mbere.

Yemeye kuba umukuru w'aba nye Misiri bose inyuma yaho atangarijwe ko ariwe yatsinze igice ca kabiri c'ihiganwa ry'umukuru w'igihugu.

Yitoje ku giti c'umugambwe w'aba Freres Musulmans.

Yatsinze Mohamed Shafik yigeze kuba umushikiranganji wa mbere.

Musri ashobora kuzorahira kw'itariki ya 30 uku kwezi8 kwa gatandatu n'ubwo hakiri ibibazo ku rugero ubutegetsi bwiwe buzogarukirako.

Inama nkuru ya gisirikare yahora irongoye igihugu ifise mu minwe vyinshi mu vyategerezwa kuba biri ubushobozi bw'umukuru w'igihugu kandi yarasheshe inamja nshingamateka.

Mw'ijambo yashikirije ku ntsinzi yiwe kuri uyu wa mungu, Musri yasavye aba nye Misiri ''gukomeza ubumwe bwacu'' aca yemera ko leta yiwe izoba irimwo bose.

Uwo mugabo w'imyaka 60 arubatse akaba afise abana bane. Ava mu ntara ya Nile Delta akaba yize muri USA.

Yahora yigisha muri kaminuza ya Zagazig.