Abarwanyi ba Al Qaeda bigaruriye umuji muri Mali

Abarwanyi ba ki Islam bo mu buraruko bwa Mali Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi ba ki Islam bo mu buraruko bwa Mali

Abarwanyi ba ki Islam bakorana na Al Qaeda bigaruriye umuji wa Gao uri mu buraruko bwa Mali.

Abahatuye bavuze ko abarwanyi ba ki Islami bigaruriye inyubakwa zahoramwo abarwanyi b'aba Tuareg, harimwo ibiro bikuru vyabo, baca baduza ibendera ryabo.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Mali avuga ko aba Tuareg benshi bahunze uwo muji.

Bivugwa ko gushika ubu abantu bashika ku 20 bahasize ubuzima.

Hahezi iminsi hari uruhagarara hagati y'aba Tuareg n'abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Mali.

Mu ntango z'uno mwaka, abo barwanyi bigaruriye uburaruko bwa Mali nyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi.