Amabanki akomeye yatwawe n'ubusambo

Image caption Barclays ishobora kuba atariyo yonyene yakoresheje amayeri

Leta y'Ubwongereza ivuga ko amatohoza ku mayeri yakoreshejwe na banki Barclays yerekanye ko ubucuruzi bw'amafaranga bushira imbere ubusambo kurusha ibindi vyose.

Hagati aho abagenduzi muri leta zunze ubumwe za Amerika, i Bulaya na Asia bariko baratohoza ibivugwa ko amwe mu ma banki akomeye kw'isi yakoresheje amayeri mu biharuro vy'inyungu ahana mu kuguranana hagati y'ayo vyagize ingaruka ku giciro c'ideni kuri milioni n'imilioni z'abantu basavye ingurane.

Ku wa gatatu ibanki Barclays yaciwe amande y'imilioni amajana ane na 50 z'ama dollars.

N'ubwo Barclays ariyo ya mbere ihanishijwe amande manini nk'ayo , ibanki zakoze nkayo zishobora kuba ari nyinshi cane.