RDC:abateshejwe izabo barenze miliyoni 2

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe bahungira mu bihugu bihana imbibe na Congo

N'ubwa mbere kuva mu 2009 igitigiri c'abateshejwe izabo kubera intambara kirenga miliyoni zibiri, nk'uko bivugwa mu cegeranyo gishasha ca ONU.

Ico cegeranyo kivuga ko abashakashatsi basanze ibara ryaraguye muri Congo yo mu Buseruko.

Igitangaje n'uko ico gitigiri ciyongeye mu gihe hariko harageragezwa inzira zo kukigabanya.

Leta ya Congo ivuga ko yari ifise umugambi wo kujana ahandi intwazangabo mu gisirikare zatugishwa no kwaka amafaranga abanyagihugu no kwimbisha amabuye y'agaciro.

Ngo aho zivyumviye zikaba zaciye ziyonkora ku gisirikare ca leta intambara ica isubira kwaduka. Ikigo co muri Amerika citwa Enough gikurikirana ibibera muri Congo kivuga ko ingabo za Congo zigiye kugwanya abo bari baziyonkoyeko, iyindi migwi y'inyeshamba yaciye isubira aho zahora.

Iyo migwi ntaho itandukaniye n'imigiwi y'abasuma n'ivyambuzi vy'abicanyi.

Ico cegeranyo ca ONU cerekana ishusho iteye ikigongwe y'ubuzima bwa misni yose bw'abanyagihu basanzwe.

Abarenga milioni zibiri ntibagira aho bakika umusaya. Ugusambaya abagore ku ngvu vyariyongeye.