Umukuru w'igihugu mushasha wa Misiri yarahiye

Umukuru w'igihugu Mohammed Morsi ashikiriza ijambo i Tahrir Square ejo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'igihugu Mohammed Morsi ashikiriza ijambo i Tahrir Square ejo

Umukuru w'igihugu wa Misiri wa mbere avuye mu matora abaye ku mugaragaro, Mohammed Morsi, yarahiriye kurongora ico gihugu.

Ibirori vyo kurahira vyabereye kuri sentare y'ibwirizwa shingiro ku murwa mukuru Cairo.

Bwana Morsi, wo mu mugambwe Muslim Brotherhood, wigeze kuba ubujijwe mu Misiri, abaye umukuru w'igihugu wa Misiri wa mbere w'umu sivile ata sano na rimwe afitaniye n'igisirikare.

Umwe mu bacamanza bari mw'ivyo birori yavuze ko ari umunsi uhambaye kuri Misiri, kikaba kandi ikiringo gishasha c'agateka no kwamamara.

Umukuru yegera abwiwe

Umunyamakuru wa BBC ari i Cairo avuga ko abantu batangajwe no kuba ata gucungera umutekano bikabije vyagaragaye mu micungararo ya sentare y'ibwirizwa shingiro.

Ngo ivyo vyerekana ko bwana Morsi ashaka kuba umukuru w'igihugu yiyegereza abantu.

Bwana Morsi yiyemeje gutanguza ibihe bishasha mu mateka ya Misiri, avavanure n'ivyo yise ibihe bibi igihugu caciyemwo.

Ivyo yabivugiye kuri kaminuza ya Cairo mw'ijambo ryiwe rya mbere, amaze kurahirira amabanga imbere ya sentare y'ibwirizwa shingiro.

Yemeye ko Misiri izoba igihugu giteye imbere, gifise igisirikare gikorera igihugu hamwe n'igipolisi gikingira ubwigenge bw'abanyagihugu.