Kenya: 15 biciwe mu gitero ku masengero

Abajejwe umutekano bimura ikiziga c'umugore yagiye mugitero mw'isengero muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Associated Press
Image caption Igitero kw'isengera muri Kenya

Abajejwe intwaro muri Kenya bavuga ko abantu 15 biciwe mu bitero ku masengero abiri mu muji wa Garissa uri mu buseruko.

Habanje gutegwa ama grenade mw'isengero rimwe, hanyuma abantu bitwaje inkoho binjira mu rindi batangura kurasa badahitamwo.

Abaposi babiri bari bacungereye umutekano kuri ayo masengero bari mu bapfuye.

Umwe mu babibonye yavuganye na BBC yavuze ko mu mabarabara ata muntu numwe aharangwa kiretse abajejwe umutekano.

Haramaze kuba ibitero vyinshi muri Kenya kuva aho ico gihigu kigabiye ibitero ku barwanyi ba Al Shabaab muri Somalia mu mwaka uheze.