Umukuru wa Barclays yatanze imihoho

Bob Diamond
Image caption Uwahora ari umukuru wa Barclays Bob Diamond yatanze imihoho

Umukuru w'Ibanki Barclays Bob Diamond yatanze imihoho kubera amayeri mu biharuro vy'urugero rw'inyungu.

Ivyo vyabaye inyuma y'indwi imwe iyo banki iciwe amande kubera ukugerageza gukoresha amayeri mu biharuro vy'urugero rw'inyungu amabanki ahanahanako ingurane hagati yayo bita Libor.

Ariko n'ubu azotegerezwa kwitaba umugwi w'abashingamateka ukirikirana ibibazo vy'amafaranga kugira yishure ibibazo kuri iryo bara ryatumye Barclays itangihswa amande ya mbere manini.

Leta y'ubwongereza yasavye ko hoba amatohoza yo kuraba ko ata vyaha vyahakorewe.

Diamond yavuze ko yatanze imihoho kubera kuremerwa n'abantu bo hanze vyari kwononera iyo banki.

Bivugwa ko Barclays ishora kuba ariyo yonyene yakoresheje amayeri.