Bagize amahirwe yo kwiga Havard na Middlebury

Inyubakwa za kaminuza ya Havard Uwufise ububasha kw’isanamu Kevin Fleming CORBIS
Image caption Umwe azoja kwiga kuri kaminuza ya Havard muri Amerika

Abana b'impfuvyi babiri Salathiel Ntakirutimana na Armel Nibasumba baronse amahirwe yo kuja kubandaniriza amashure kuri kaminuza y’i Harvard na Middlebury muri Amerika.

Salathiel azokwiga mu gisata c’ ubuhinga, Armel nawe yige ubuvuzi.

Bavuga ko igihambaye ari ico bazomarira bagenzi babo baba mu ngorane baciyemwo.

Ingwano yamaze imyaka mu Burundi yasize abana benshi ari impfuvyi zitagira kiraba.

Ariko, hari abagiye bararonka amashirwe y'ababafasha nk'abo co kimwe n'abandi bahika amajana atanu bafashwe na High Life Foundation, ishirahamwe ryashinzwe na kompanyi y'amatelefone ngendanwa ECONet KUGIRA RYITEHO abana b'anyeshure b'impfuvyi.

Armel Arnaud Nibasumba afise imyaka cumi n’ icenda, yabuze umuvyeyi afise imyaka cumi n’ umwe.

Mugenzi we Salathiel Ntakirutimana , nawe n’ imfuvyi ifise imyaka 22, yahoze yiga mu Cankuzo mu buseruko bw'uburundi.

Mu bufuvyi bwabo vyari bigoye kwibaza ko boshitse ku ntambwe bagezeko.

Uko ari babiri babanje kurungikwa kubandanya amashule yabo yisumbuye mu gihugu ca Swaziland.

High Life Foundation ifashanya n'ubushikiranganji bw'indero mu gutora impfuvyi zifashwa.