Kenya: Aba Islam bagiye "gukingira amasengero"

Ishengero ryagabwemo igitero ku munsi wa Mungu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ishengero ryagabwemo igitero ku munsi wa Mungu

Abajejwe idini rya Islam muri Kenya biyemeje gushinga imigwi yo kurinda amasengero y'Abakristu nyuma y'igitero co kuwa Mungu uheze.

Abantu cumi na batanu biciwe mu gitero ku masengero in Garissa, umuji uri hafi y'urubibe na Somalia.

Hama uruhagarara ku rubibe rwa Kenya kuva aho ico gihugu kirungikiye abasirikare muri Somalia ngo bahige abarwanyi b'umuhari wa ki Islam, Al-Shabaab.

Adam Wachu, umukuru w'inama nkuru ya Islam muri Kenya, yabariye BBC ko ivyo bitero cari igikorwa c'iterabwoba.

Bwana Wachu yagize ati: "Hari abantu bashaka guhindura Kenya ikaba iyindi Nigeria.

"Ntituzokwemera ko haduka amacakubiri afatiye ku madini muri kino gihugu."

Bwana Wachu, asanzwe kandi ari umukuru w'ihuriro ry'amadini yo muri Kenya.

Yavuze ko ubu ari igikorwa c'abakuru ba Islam i Garissa, gutegura ukuntu amasengero ashika ku 30 ari muri uwo muji azokingirwa.

Inkehwa

Yagize kandi ati: "Aba Islam basanze ko aba Kristu bagomba gukingirwa kuko muri urwo rwego bafatwa nk'inkehwa."

Benshi mu bantu baba i Garissa no mu micungararo yaho, bamuka muri Somalia kandi ni aba Islam.

Mu kwezi kw'Icumi mu mwaka uheze, abasirikare ba Kenya binjiye muri Somalia guhiga aba Al Shabaab babagiriza kuba ari bo banyuruza abantu ku butaka bwa Kenya, hamwe no guhungabanya umutekano mu karere kari ku rubibe.

Ivyo vyatumye Al Shabaab ica itangaza ko izogaba ibitero muri Kenya, hakaba hamaze kugabwa ibitero vy'amagrenade mu miji ya Mombasa na Nairobi.