Syria: USA iragabisha Ubushinwa n'Uburusiya

Hilary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hilary Clinton avuga ko Ubusiya n'Ubushinwa bizotegerezwa kwishura bitavuye inyuma ya Assad

Minstre wa leta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Hilary Clinton ariko arotsa igitutu Ubushinwa n'Uburusiya kugira ivyo bihugu bihagarike gushigikira prezida wa Syria Bashar Al Assad.

Igihe harangira inama kuri Syria yabereye I Paris irimwo ibihugu birenga ijana, Madame Clinton yavuze ko amakungu yose ubu ashinze ijihso ibihugu biri ku rushi bigishigikiye Assad .

Yavuze ko bitegerezwa gutumorerwa Uburusiya n'Ubushinwa ko bitegerezwa kuzokwishura kubera ugushigikira Assad.

Ubutegetsi bw'uburusiya bwavuze ko ivyo Hilary Clinton yavuze bitari bibereye.

Hagati aho Ubufaransa bwemeje ko hari umusirikare wa Syria afise ipete rya general ava mu muryango ukomeye ucuditse na prezida Assad yahunze Syria.

Ministre w'ubufaransa ajewe imigenderanire n'amakungu yavuze ko general Manaf Tlass ari mu nzira aja i Paris.

Minsitre wa leta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Hilary Clinton yavuze abo muri leta ya Syria batanguye gutora uruhande bokwegamira bakoresheje amaguru yabo.

General Tlass bivugwa ko atumvikanye n'ubutegetsi kubera ububisha bakoresheje ku bitaba imigumuko yo kwiyamiriza leta.

Umryamgom wiwe uri mu ba Islam b'aba Sunni mu gihe prezida Assan n'akagwi bakorana ari aba Alawite.

hagati aho