Misiri: Abashingamateka barenze ingingo ya gisirikare

Mohammed Morsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida mushasha Mohammed Morsi niwe yategetse ko inama nshingamateka isubiraho

Inama nshingamateka ya Misiri yakoranye akanya gato irenze ku ngingo y'urwego rukuru rwa gisirikare rwategetse ko iyo nama yofutwa hakurikijwe ingingo ya sentare ntahinyuzwa y'igihugu.

Iyo nama yakoranye ku mategeko y'umukuru w'igihugu mushasha Mohammed Morsi.

Abashingamateka bumvikanye kubaza ico amategeko avuga ku ngingo ya sentare yatangaje ko iyo nama iteye kubiri nayo.

Abashingamateka bavuze ko icicaro cabo c'uno munsi catumye bashikiriza prezida Morsi ububasha inama yari ifise.

Inama ijejwe kwubahiria ibwirizwa nsingiro yaciye ikorana inyuma y'uco cicaro kugira itangure kwumviriza ibirego vya mbere vy'abitwariye ingingo ya prezida Morsi.

Umunyamakuru wa BBC ari i Cairo avuga ko ivyabaye uno munsi ari iyindi ntera yo kunyinyana hagati y'umukuru w'igihugu n'inama ya gisirikare.