Thomas Lubanga akatiwe imyaka 14

Thomas Lubanga Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Thomas Lubanga yari umukuru wa Union des Patriotes Congolais

Mu kwezi kwa gatatu Thomas Lubanga yagiriwe n'icaha co kwinjiza no gukoresha abana mu ntambara mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo(RDC) hagati y'ibihumbi bibiri na kabiri n'ibihumbi bibiri na gatatu(2002-2003).

Kubera imyaka yari amaze apfunzwe arindiriye gukatirwa, azomara iyindi myaka umunani (8) mu munyororo.

Mu ntahe, abashikirizamanza bavuze ko yanyuruje abana barimwo abaterenza imyaka cumi n'umwe (11) hanyuma akabategeka kugwana ku nguvu no gukora amahano, abana b'abakobwa nabo bagasambanywa ku nguvu.

Ico gihe Lubanga yari arongoye umwe mu migwi yagwana , Union des Patriotes Congolais.

Nirwo rubanza rwa mbere iyo sentare isomye kuva yatangura gukora.