Afrika na Asia basigaye mu bukene

Abasabiriza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Benshi mu bakene bazosigara muri Africa no muri Aziya

Ikigo kabuhariwe c'abashakashatsi co mu Bwongereza kivuga ko ubukene kw'isi bwagabanutse ica kabiri kuva mu 1990 kandi ngo buzogabanuka ikindi gice mu 2025.

Ikigo Overseas Development Institute kivuga ko ico gihe, igitigiri c'abantu baba munsi y'umurongo w'ubukene kizogabanuka gushika ku miriyoni 600.

Inkuru mbi ngo n'uko benshi muri abo bazoba baba mu bihugu bikigoyagoya kandi birimwo intambara nka nka Nigeria, Republika iharanira Demokrasi ya Congo na Afganistan. Icegeranyo kindi c'umugwi w'abahinga b'umuryango mpuzamakungu ONU, naco nyene cashigikiye ivyatowe n'abo bashakashatsi.

Ariko ivyo vyegeranyo vyompi vyerekana ako abantu benshi muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara hamwe n'ubumanuko bwa Asia , bariko barasigara inyuma cane.

Abahinga ba ONU bagabishije ko abakenye cane bariko barakumirwa mu majambere ya benshi bifise.