Ingabo za ONU zongeye ibirindiro muri Goma

UN troops in Goma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingabo za UN zirungitswe Goma n'imodoka z'imitamenwa,kuwa 10/07/2012

Ingabo z'ishirahamwe mpuzamakungu zagiye kugarukana amahoro muri COngo mu rwego MONUSCO zivuga ko zagiye kurinda umuji wa Goma ushaka kuvogerwa n'abarwanyi bo mu mutwe wa M23.

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe ONU muri DR Congo, Roger Meece, yavuze ko azokora uko ashoboye mu gukingira abanyagihugu bo mu duce tugeramiwe n'abarwanyi ba M23.

Hagat'aho inkuru zitururka muri Congo zemeza ko imiji ya Rutchuru na Kiwanja yari yifatyiwe n'abarwanyi ba M23 mu mpera z'indwi irangiye, yasubiye mu minwe y'igisiairikare ca leta.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryagiriza Urwanda ko rufasha abarwanya leta ya Congo