Prezida Kagame arahakana uruhara rw'Urwanda muri Congo

Prezida Kagame Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida w'Urwanda Paul Kagame yemeza ku ata ruhara Urwanda rufise mu kibazo ca Congo

Umukuru w'Urwnada Paul Kagame arahakana uruhare urwari rwose rw'Urwanda mu kibazo ca Congo muri iki gihe mu gihe abategetsi ba Congo mbere n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiriza Urwanda kuba rushigikiye umuhari M23 wasubiye kuvyura intambara muri Kivu ya ruguru.

Mu kiganiro Hard Talk caciye kuri television ya BBC , Prezida Kagame yavuze ko ata na hamwe igihugu ciwe gihuriye n'izo ngorane, ngo vyonatangaza kuko Urwanda rugize igihe rufise imigenderanire myiza na Congo kandi bakorera hamwe mu kurondera inyishu z'ibibazo vyigeze kubatandukanya.

Prezida Kagame avuga ko atanazi ico abo bagumutse barondera.Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni we avuga ko atazi niba Urwanda hari uruhara rufise muri ico kibazo ca Congo ariko ngo ivyarivyo vyose muri Congo hari ibibazo kuko hariyo imigwi myinshi ibangamiye umutekano w'ibihugu bibanyi na EDF, Interahamwe, Mai Mai n'iyindi.

M23 mu minsi iheze yarigaruriye uturere tutari duke harimwo ibisagara vya Bunagana na Rutshuru ariko baca barabivamwo, ariko bavuga ko bashobora gusubira kubifata.

Abo bahoze mu ngabo za leta bavuga ko bashaka ko leta ishira mu ngiro amasezerano yashizweko umukono ku wa 23/03/2009.

Ingabo za UNU ziri muri Congo gufasha gucungera amahoro ejo zarakoresheje za kajugujugu mu gutera ibirindiro vya M23.