Muri Syria habaye ubwicanyi bw'ikivunga

Uwufise ububasha kw’isanamu houla
Image caption Hamaze gupfa abantu benshi muri Syria, leta n'abayigwanya bagatanako ubwicanyi

Leta n'abayigwanya muri Syria bariko baragirizanya ubwacanyi bw'ikivunga bwa mbere buhitanye abantu benshi kuva intureka itangura.

Ubwo bwicanyi bwabaye kuri uyu wa kane mu kigwati ca Tremseh mu ntara ya Hama yo hagati mu gihugu bwahitanye abantu barenga amajana abiri.

Abagwanya leta bavuga ko ingabo za leta arizo zabishe zikoresheje kajugujugu n'ibisasu vya rutura imbere y'uko imigwi ishigikiye leta yinjira igatangura kurasa abanyagihugu.

Ibimenyeshamakuru vya leta ya Syria bishira ubwo bwicanyi ku gatwe k'abagwanya leta bivuga ko abakora iterabwoba bitwaje ibigwanisho bateye ikigwati bakica abantu benshi.

Bivuga ko ingabo za leta mu nyuma zaciye zija gutabara zituma abari bateye batakaza vyinshi cane mu ntambara yaciye ikurikira. Abagenduzi ba ONU muri Syria bavuga ko bariko baragerageza gushika muri Tremseh gutohoza ubwo bwicanyi.

Umukuru w'abo barorerezi General Robert Mood avuga ko aja kurungikayo abantu hamwe hoboneka umwumvikano wo guhagarika intambara.

.