John Terry yambitswe izera ku caha c'ubwoko

John Terry
Image caption John Terry avuga ko yababajwe cane n'ivyamuvuzweko

Umukinyi yahoze ari capitaine w'umugwi w'ubwongereza mu mupira w'amaguru John Terry yahanaguwe icaha co kuba yaratutse uwundi mukinyi Anton Ferninad ashingiye ku bwoko.

Uwo mukinyi wa Chelsea akanakinira ubwongereza inyuma yari yahakanye kuba hari amajambo yabwiye uwo mukinyi wa Queens Park Rangers mu rukino barimwo Loftus Road mu kw'icumi giheze.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza ryavuze ko amatohoza mu vyoba vyarabaye azobandanya ku ndwi iza.

Vyavugwa ko Terry yatutse Ferdinand ngo n'umwirabure yongera akoresha ajambp y'ibishegu.