Uburusiya na Chine vyanse ibihano kuri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amatora ku bihano vya Syria

Imbere y'uko amatora y'inama nkuru y'umutekano kw'isi aba, Uburussiya bwari bwamenyesheje ko bidashoboka gufata iyo ngingo kubera ishobora kuzanamwo gukoresha inguvu za gisirikare.

Hagat'aho television ya leta ivuga ko president Assad yagiye mu rubanza rwo kurahira rw'umushikiranganji wo kwivuna abansi mushasha.

Television y'igihugu ntiyerekanye ariko amashusho n'amwe y'urwo rubanza.

Bwana Assad ntarasubira kuja ahagaragara kuva ku munsi wa gatatu, aho haterewe igisasu ku murwa mukuru Damas.