Burundi:BRARUDI yadugije ibiciro vy'inzoga

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umuntu ariko aranywa inzoga

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa kuva uno munsi.

Uretse ibinyobwa nk’amafanta vyongewe amafaranga mirongo itanu kw’icupa, ibinyobwa bimwe bimwe vyongeweko amafaranga angana ibice 15 canke 20 kw’ijana.

Inzoga ziva hanze nka Mutzig yo mu Rwanda yoyo bayidugije ibice 31 kw’ijana .

Ihinguriro Brarudi rikavuga ko ryadugije kubera ishigwa mu ngiro ry’itegeko risubiramwo amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka ryongereje amatagisi atozwa ku binyobwa.

Brarudi ivuga kandi ko ivyo ikoresha mu gukora ibinyobwa navyo nyene vyaduze.

Ariko abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura twavuganye bahagaritswe umutima cane cane nuko ibindi bidandazwa bizoca biduga