Ingabo z'Ubwongereza muri Somalia

Umurwi w'abasirikare b'Ubwongereza bagera kw'icumi bari ku cicaro gikuru c'inteko z'umuryango nyafrika zagiye kugarura amahoro iMogadishiu.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko abo basirikare badafise ubutumwa bwo kurwana, ariko bamwe mu bajanama mu vya gisirikare batruruka mu Bwongereza, bagiye mu muji wa Afgoye, mu burengero bwa Mogadishiu.

Uwo muji wa Afgoye uheruka gukurwa mu maboko ya Al Shabaaab.