Umuji wa Aleppo muri Syria urugarijwe

Uwurwanya leta ya Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwurwanya leta ya Syria

Amakungu abandanije gushira igitsure kuri leta ya Syria ngo arabe ko yokumira igitero citezwe ku muji wa Aleppo.

Aho yavugira i London, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, yahamagariye leta ya Syria guhagarika ico gitero.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza, William Hague, yagabishije ko hashobora kuba ubwicanyi muri uwo muji, anavuga ko ata gihugu na kimwe kigomba kuguma kinumye.

Abasirikare benshi ba leta hamwe n'ibiduga vy'ingwano bivugwa ko bariko baregeranira mu mucungararo ya Aleppo, kandi ibice bisiswe n'abarwanya leta vyatewemwo ibisasu vyinshi.