Red Crescent yahagaritse ibikorwa Aleppo.

Inyubakwa yatewe ibisasu mu muji wa Aleppo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inyubakwa yatewe ibisasu mu muji wa Aleppo

Umuryango utabara imbabare, Red Crescent, wahagaritse bimwe mu bikorwa ukorera mu muji wa Aleppo muri Syria mu gihe hitezwe igitero ca leta.

Red Crescent kandi yasavye ko hotangwa amaraso, mu gihe igitero ca leta ku bitwaje ibirwanisho vyitezwe ko kigira benshi gihohotera.

Ibice vyinshi vya Aleppo vyatewemwo ibisasu mw'ijoro ryakeye, nayo ibihumbi vy'abasirikare bakaba bakikutse uwo muji.

Uwujejwe ivy'agateka ka zina muntu mu muryango mpuzamakungu ONU, Navi Pillay, yavuze ko ahangayikishijwe cane n'uko ingwano ikomeye ishobora kwaduka.

Yahamagariye impande zombi kudakora ku banyagihugu.