Inkino za Olympic 2012 zatanguye i London

Ibirori vyo gutanguza Olympic 2012 i London Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ibirori vyo gutanguza Olympic 2012 i London

Inkino zigira 30 za Olympic zaraye zitangujwe n'ibirori vy'akataraboneka mu muji wa London ku kibuga ca Olympic Stadium.

Abantu barenga imiriyoni 22 mu Bwongereza nibo bakurikiyanye ibirori vyateguwe n'umuhinguzi w'ama film Danny Boyle, bikaba vyarerekana umuco w'Ubwongereza.

Mu vyerekanywe harimwo uguhura kw'umwamikazi w'Ubwongereza hamwe n'icamamare mu nkino za film, James Bond.

Bivugwa kandi ko ivyo birori vyakurikiranywe n'abantu bashika ku miriyaridi zine kw'isi yose, barabira kuri za television.

Mu gitondo c'uno munsi niho amahiganwa yatanguzwa no gusiganwa ku makinga mw'ibabara, kwoga, volley beach, baskeball y'abagore hamwe n'ibindi.

Mushobora gukurikirana uko imidari itsindirwa, inkino zigire zibe hamwe n'ibindi ku rubuga rwa Gahuzamiryango.