Miliyoni z'Abahindi babuze umuyagankuba

Abarindiriye itereni Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amatereni ntakora kuko ata muyagankuba

Miliyoni amajana n'amajana y'abantu ntibagira umuyagankuba mu mu buraruko n'ubuseruko bw'Ubuhindi inyuma y'aho inganda z'muyagankuba zigiriye ingorane.

Igice kinini c'igihugu cabuze umuyagankuba inyuma y'aho inganda zitatu ziwutanga zipfiriye, ukaba ubaye umunsi wa kabiri kuri rumwe.

Amajana y'ama y'amatereni yahagaze , ibitaro navyo bikaba biriko birakoresha imoteri z'integabizoza.Mu buseruko bw'Ubuhindi, abimba ubutare bashika amajana abiri ntibashobora kuva mu kuzimu.

Ariko bajanywe ahantu bashobora kuronka impwemu nziza , akaba ata bwoba buhari ko hari ico bashobora kuba.

Umushikiranganji ajejwe umuyagankuba yavuze ko hari intara zishobora kuba zakweze umuyagankuba mwinshi kuruta uwo zahora zikoresha gutyo bigatera ingorane n'ubwo hataramenyekana neza icatumye izo ngorane zishika.

Ubuhindi bumaze igihe bukenera umuyagankuba mwinshi kubera amahinguriro yiyongeye muri ico gihugu ariko igihugu ntigifise uwukwiye.

Abanyamakuru bavuga ko hatabonetse amafaranga menshi yo kwubaka izindi nganda, ingorane nkizo zizoja zirashika.