Urwada rufashe ingingo zo kwirinda Ebola

Imigera ya Ebola
Image caption Imigera ya Ebola

Umuntu wese yiketse ko yoba afashwe na Ebola asabwa kwihuta gushika kw'ivuriro riri hafi na cane cane avuye muri Uganda akaba yarakoze ku muntu afise ibimenyetso vya Ebola.

Indwara ya Ebola yatangajwe ko yateye mu mu ntara ya Kibale mu burengero bwa Uganda, ikaba imaze guhitana abantu 14 harimwo uwapfiriye mu bitaro ku murwa mukuru Kampala.

Itangazo ryo mu bushikiranganji bujejwe ubuzima mu Rwanda rivuga ko intara ya Kibale iri ku bilometero 300 y'urubibe rw'Urwanda na cane cane y'intara za Musanze, Nyagatare, Gicumbi nha Burera.

Itangazo rimemenyesha ko n'ubwo ata muntu arigera ahitanwa na Ebola mu Rwanda muri iyi myaka 15 iheze, leta y'ico gihugu yafashe ingingo zo gukingira Abanyarwanda iyo ndwara yica mu kanya gato.

Harimwo gutegekanya uburyo bwama buri hafi bwo kuvura abo yoba ifashe no kwigisha abavuzi na cane cane bo mu turere turi ku rubibe na Uganda kumenya ingene bovyifatamwo bashikiwe n'uwurwaye canke yiketse ko yafashwe na Ebola.

Ibimenyetso vya Ebola n'ubushuhe bwinshi,kumeneka umutwe,kubabara mu nngingo no mu mitsi, kuvyimba mu muhogo,gucibwamwo,kudahwa,kubabara cane mu nda no kuva amaraso aho hose hari intoboro.