Aleppo muri Syria nta gahengwe

Abantu  bahunze ingo  zabo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe bahungiye mu mashure no mu bigo vya kaminuza

Mu gihe muri Syria intambara ibandanya hagati y'ingabo za leta n'abayigwanya uruhande rumwe rwose rurondera kugenzura igisagara ca Aleppo, umuvugizi wa ONU yavuze ko amashure, imisigiti n'amazu ya leta yuzuye imiryango amajana n'amajana bahahungiye.

Melissa Flemming wo mw'ishami rya ONU ryitaho impunzi yavuze ko hari abantu bashika ibihumbi indwi baryama mu buraro bwa kaminuza kugira barabe ko batohitanwa n'intambara.

Hagati aho umutama amaze ashaje agwanya ubutegetsi bwa presida Bashar al Assad akaba anagwanira agateka ka zina muntu Haitham al-Maleh avuga ko yagenywe ngo ashinge leta mfatakibanza mu nama yahuje i Cairo imigwi igwanya leta.

Ariko Inama y'Igihugu ya Syria ariwo mugwi munini ntiwari witavye iryo koraniro ukaba utemeye kandi n'iryo tangazo.

Uwo mugabo al Maleh afise imyaka 81 avuga ko avugira urwego rushasha yise Inama y'Abahagarariye Revolution ya Syria.

Urwo rwego ruvuga ko ruzoserukira imigwi yafashe ibigwanisho ngo igwanye intwaro ya prezida ww Syria Assad.