Mogadishio iriko irasanurwa

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa munani, 2012 - 13:24 GMT
  • Inyubakwa yasambutse
    Umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho,gushika mu mwaka uheze cari igisagara gicitsemwo kubiri,umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vya Islam al-Shabab akaba ariwo wagenzura igice kinini.Ubu al-Shabab ahanini yarirukanywe, ubu hatanguye kugaruka umutekano none abantu batanguye gusanura igisagara.Ibi vyahora ari biro vy'inama nshingamateka
  • Inyubakwa yasambutse
    Ibice bimwe vya Mogadishu bisa n'ahahambwe amazu.Ibi vyari ibiro vya posita muri district ya Hodan. Ubu ibamwo imiryango y'abanyesomalia bateshejwe izabo hamwe n'impene.
  • Inzu iriko irasanurwa.
    Abantu batanguye gusanura amazu, imangazini, ibiro n'inyubakwa za leta. Iyi n'inzu iriko irasanurwa muri district ya Hodan.
  • Umusirikare.
    Harakunda kwumvikana urwamo rw'ibkoho kju murwa mukuru. Akenshi n'abantu barsa hejuru kugira bamenyeshe aho bari. Ariko hari n'igihe harasana imigwi ikebana, abajejwe umutekano canke imigwi y'inkozi z'ikibi.
  • Inzu yasanuwe isizwe irangi rishasha
    Amazu aherutse gusanurwa akanasigwa akarangi ngashasha kw'isoko ya Bakara. Aka kerere gushika mu mwaka uheze kari kagenzurwa na al-Shabab. Uwo muhari ubu warirukanywe muri Mogadisho n'ingabo za Amissom hame n'iza leta ya Somalia.
  • Isoko ya Bakara
    Isoko ya Bakara irimwo uruja n'uruza runini. Abategetsi ngaha bavuga ko hakorererwa urudandazwa ruciye milioni z'ama dollars buri munsi.
  • Ivyamwwan'imboga
    Ivyamwa n'imboga bigurishwa mw'isoko ya Bakara. Vyinshi birimwo muri ako karere nyene.
  • Amakara yo kugurisha
    Amakara agurishwa mw'isoko ya Bakara. Prezida Obama aherutse kubuza kwinjiza muri USA amakara ava muri Somalia. Umuhari al-Shabab ukura amafaranga yawo menshi mu kugurisha amakara.
  • Amajambo y'icarabu
    Al-Shabab niyo yahora igenzura isoko ya Bakara. Iyi nyubakwa isigaye ikoreshwa n'igipolisi yahira ari ibiro vya al-Shabab. Abanywanyi b'uwo muhari nibo banditse aya majambo y'icarabu ku mpome. Avuga ngo Harakat al-Shabab al-Mujahideen -izina ryose ry'uwo muhari.
  • Abana
    Abana benshi muri Mogadisho baba mu makambi y'abateshejwe izabo canke mu mazu yasambutse. Bakunda kuzerera bari mu migwi ata bantu bakuze bari kumwe. Amafoto n'amajambo n'aya Mary Harper, BBC Africa

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.