Intambara zirakomeza mu muji wa Aleppo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption ikiduga c'intambara

Ikigo ca c'abasirikare barwanira mu kirere cahora gikoreshwa mu kugaba ibitero vya kajugujugu ku barwanya leta ya Syria catewe n'abo barwanyi bakoresheje imodoka za gisirikare bambuye abasirikare ba leta.

Hagat'aho abarwanya leta ya Syria ku murwa mukuru Damas barega leta ko yishe ikivunga abantu barenga 70.

Intambara n'ubu ziracabandanya ku murwa mukuru.

Hari umwe mu bagize inama y' igihugu ya Syria iteye kubiri n'ubutegetsi yaneguye abarwanyi bari mu muji wa Aleppo, ko bishe abo bagize imbohe benshi, bafashwe barwanira uruhande rwa leta.