PAM igiye kugemurira n'indege impunzi za Sudani y'epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umugire w'impunzi yicaye imbere y'inzu yiwe inyuma y' umutaga imvura imaze kurwa mw'ikambi ya YIda, 05/07/2012

Impunzi ibihumbi n'ibihumbi z'abanya Sudani y'epfo bari mu buhungiro kuber'intambara zo mu buraruko ku mupaka bahana na Sudani.

Ishirahamwe ry'abaganga abatagira imbibe MSF rivuga ko ubuzima bwo mw'ikambi buteye akoba, aho abana badasiba gupfa buri munsi bahitanywe n'inzara.

Gutwara ibifungurwa n'indege ni bumwe mu buryo bukoreshwa mu gushikana ibifungurwa ahugarijwe n'imyuzuri, burimwo gusoza ivyo bifungurwa n' ubwato, gukoresha za kajugujugu n'amakamyo.