Igisasu cishe umwe i Nairobi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Si ubwa mbere hari ibisasu biturika i Nairobi

Mu gisagara ca Kenya hari igisasu caturitse gihitana umuntu umwe arapfa abandi barakomereka.

Ivyo vyabereye mu karere ka Eastleigh kabamwo abanye Somalia benshi, mu gihe Kenya yiteguriye kwakira ministre wa leta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Hilary Clinton. Umuvugizi w'igipolisi Eric Kiraithe yavuze ko ico kibombe caturitse coba cari gifiswe n'umuntu.

Yavuze ko uwo nyene yoba yari agifise ariwe cahitanye igihe yashaka kucikurako ngo agite.

Kiraithe yirinze kuvuga niba yoba yari umwihevyi. Bubaye ubwa kabiri hari ikintu giturikira aho Eastleigh. Mu ntango z'iyi ndwi harapfuye abantu babiri mu kindi gitero ariko abapolisi bavuze ko vyavuye kuri gaz yo gutekesha.