Sudani zombi zumvikanye ku bitoro

Sudani na Sudani y'ubumanuko vyumvikanye Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Sudani na Sudani y'ubumanuko vyumvikanye

Sudani na Sudani y'ubumanuko vyumvikanye ku mahera agomba kurihwa ku bitoro, ikibazo catumye bihakwa kurwana mu ntango z'umwaka.

Ivyo bihugu kandi bizoganira ku kirangaminsi co gusubira gushora ibitoro mu buraruko, nk'ukovyavuzwe n'umuhuza Thabo Mbeki.

Sudani y'ubumanuko idakora ku bahari, yugaye amahinguriro yayo y'ibitoro mu kwezi kwa mbere nyuma yaho inaniriwe kwumvikana na Sudani ku mahera agomba gutangwa.

Ukwo kutumvikana kwabangamiye cane ubutunzi bw'ivyo bihugu vyombi.

Ikiringo ONU yari yahaye ivyo bihugu ngo bibe vyumbikanye kuri ayo mahera hamwe no ku kibazo c'urubibe bisanzwe bipfa, caheze kuwa Kane.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, akanaba umuhuza w'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, Thabo Mbeki, yavuze ko ibibazo vyose vyari mu nzira vyatorewe umuti, ariko nta vyinshi yavuze kuri uwo mwumvikano.