Abaserukiye Cameroon 3 muri Olympics babuze

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umurwi wa Olympics 2012 wa Cameroon

Abaserukiye Cameroon mu nkino za Olympics bamaze kubura irengero barimwo abaterana ibipfunsi 5 , umwozi n'umukinyi w'umupira w'amaguru.

Abo banonotsi bikekwa ko bashaka gusigara iBulalaya kubera ibibazo vy'ubukene.

Uwagiye ubw ambere n' umunye goal wo mu murwi w'abakobwa, yagiye bakiri mu myimenyerezo.

Abandi ntibaboneka muri ca kibanza gicumbikiye abakinyio bita Village Olympic, hafi y'ahabera amahiganwa.