Abashingamateka ba Kenya mu ngoro nshasha

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa munani, 2012 - 14:53 GMT
Kenya

Ingoro nshasha y'inama nshingamateka

Kenya yinjiye ingoro y'inama nhingamateka nshasha iherutse gusubirwamwo kubakwa, ariko yakomeje kuvurwako menshi ku kiguzi cayo.

Intebe imwe mur'iyo ngoro y'inama nshingamateka ayguzwe amadolari 3000, igiciro kinini ku gihugu usanga abanyagihugu baho babeshejweho n'infashanyo.

Abategetsi ba Kenya bavuga ko ikoreshwa rya miliyoni 12 z'ama dolari kur'iyo nyubakwa ryayishize mu rugero rw'inyubakwa zizweho, zihuye n'ubuhinga bw'iki gihe.

Abashingamateka ba Kenya baharurwa mu bantu bahembwa neza cane kuruta abndi muri Afrika, kandi bakomeje kunebagurwa ko biyongera impembo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.