Abasirikare batatu bishwe Lubumbashi

Abasirikare ba Congo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Congo

Urwego rwa ONU muri Congo rumenyesha ko abasirikare batatu ba leta bihswe mu gitero cakozwe ku kibuga c'indege mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.

Umuvugizi w'urwo rwego Major Ibrahim Diene yavuze ko abantu atawuramenya abaribo bateye ikibuga c'indege ca Luani co mu gisagara ca Lubambashi ari naco ca kabiri kinini muri Congo.

Yavuze ko babiri muri abo basirikare bishwe n'amasasu uwagatatu nawe akaba yaturiwe n'umuriro gushika aho apfa.

Si ubwa mbere habaye igitero nk'ico i Lubambashi. Mu mwaka uheze hari abantu bateye mu gisgara hagati kw'i kambi ya gisirikare abandi batera ku kibuga c'indege , ariko ico gihe ntabantu bapfuye hakomeretse abasirikare babiri.

Intara ya Katanga imaze imyaka myinshi irimwo abantu bashaka ko yoronka ubwigenge.