Nicola Adams yabonye zahabu mw'iteramakofe

Nicola Adams yabonye umudari wa zahabu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nicola Adams yabonye umudari wa zahabu

Nicola Adams yabaye uwongerezakazi wa mbere utsindiye umudari wa zahabu, mw'iteramakofe ry'abafote ibiro bike mu mikino Olympic.

Nicola yatsinze Ren Cancan wo mu Bushinwa warumaze gutsindira iryo kamba kw'isi inshuro 3.

Mu rwego rw'abafite ibiro biciriritse, umunyaIreland Katie Taylor nawe yatsindiye umudari wa zahabu, amaze gutsinda umurusiyakazi Sofya Ochigava.