Abarundi 58% ntibafungura ibikwiye

Ubukene mu burundi
Image caption Ubukene mu Burundi

Icegeranyo c'ishami rya ONU rishinzwe iterambere-PNUD-cerekeye iterambere riramye muri Afrika casohotse uyu mwaka 2012 cerekana ko iterambere riramye ridashoboka hakiri abantu badafite ivyo bafungura bihagije.

Ico cegeranyo cerekana ko Afrika yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara ikiri inyuma y'ibindi mw'iterambere rirama kuber'ubukene bw'ibifungurwa.

Uburundi ni kimwe mur'ivyo bihugu vyo muri Afrika birangwamwo ubukene bw'ibifungurwa n'ubwo hari imvura n'amazi akwiye.

Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi avuga ko ikibazo gihagaze mu bukene bw'ubuhinga mur'ubwo bwurimyi, ndetse n'uburyo bwo kurima ibihaza abanyagihugu.

Ikindi kikiri inzitizi kur' iryo terambere rirama n'uguhangana n'irwirirana ry'abanyagihugu.