Ghana:President Atta Mills yashinguwe

Ghana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ishingurwa rya J A Mills

Urubanza rwo gushingura president Atta Mills rwari rwitabiriwe kandi n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta Zunze ubumwe za Amerika asanzwe ari mu rugendo muri Afrika.

Abatunganije urwo rubanza bashinze television nini mu bibanza bihurirramwo abantu benshi ahfi y' ikibanza ca Independance Square kugira abantu bashobore kubikurikira.

Ikiziga ca bwana Mills cajanywe mu kibanza cagenewe gushinguramwo abakuru b'ibihugu.

Kwitaba Imana kwiwe mu kwezi guheze, kwaraabye giturumbuka, kubabaza abanya Ghana benshi.

John Atta Mills yashengeye afise imyaka 68, Ghana bikavugwa ko kiri mu bihugu vya mbere bimaze gutsimbataza Demoicratie muri Afrika.