Equateur ihaye ubuhingiro Julian Assange

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa munani, 2012 - 13:16 GMT
Julian Assange

Julian Assange amaze amezi abiri muri ambassade ya Equateur i Londres

Igihugu ca Equateur (Ecuador) yahaye ubuhingiro bwa politike Julian Assange yashinze Wikileaks kivuga ko ashobora kugeramirwa kubera ivyo akora.

Julian Assange amaze amezi abiri aba mu nyubakwa y'uwusrrukira Equateur i Londres(London) ahunga kujanwa muri Swede aho arindiriwe gusambishwa ku vyaha vy'uko yoba yarashatse gufata abagore ku nguvu. Yavuze ko urubanza rwiwe rufatiye ku mvo za poltike.

Umushikiranganji wa Equateur ajejwe imigenderanire (Ricardo Patiño) yavuze ko hari ubwoba ko Assange ashobora kuvanmwa muri Swede akarungikwa muri USA kwagirizwa ibijanye no gushira ahabona amabanga y'abaserukira USA .

Yizigiye ko ubu Ubwongereza buzoca bworohereza kandi bukanyarutse kureka Assange ngo ave mu gihugu ariko abategetsi b'ico gihugu bamaze kumenyesha ko batazobikora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.